Uko wahagera

Bolivia: Perezida Morales Ahisemwo Gutanga Imihoho


Perezida Evo Morales aremesha ikiganiro n'abanyamakuru ku murwa mukuru La Paz wa Bolivia, kw'itariki 10/11/2019

Perezida wa Bolivia Evo Morales yatangaje ko atanze imihoho ku butegetsi. Yabivugiye kuri televeziyo kuri uyu w’Imana, inyuma y’imyiyerekano imaze indwi zitatu inegura utunenge twabaye mu matora yo mu kwezi guheze.

Kuri uyu w’Imana mu gitondo, yari yemeye gutumako ayandi matora, inyuma y’aho ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Amerika bitangarije ibiharuro nyavyo ryatohoje vyavuye mu matora yo ku wa 20, ukwezi kwa cumi. Basanze Morales yatsinze arushije uwo bahiganwa amajwi make cane.

Haheze amasaha make, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikire, Williams Kaliman yavuze ko gusubiramwo amatora bidahagije, amusaba gukinjura kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu gihugu.

Ivyatangajwe na Kaliman hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Amerika vyatumye abashikiranganji batari bake hamwe n’umukuru wa sentare yubahiriza amatora batanga imihoho.

Morales, yari atwaye ibiringo bine, yari yavuze ko abari mu myiyerekano batumbereye kumukorera ico yise "coup d’etat y’amatora".

Igihugu ca Mexique cahaye ubuhungiro kuri uyu w’Imana Evo Morales inyuma y’aho atangiye imihoho.

Ni inyuma yaho ambasade ya Mexique ku murwa mukuru La Paz yakiriye abakozi ba reta n’abashingamateka ba Bolivia, vyatangajwe n’umushikiranganji w’imigenderanire wa Mexique Marcelo Ebrard.

Perezida wa Mexique, Andres Manuel Lopez Obrador, yakeje Morales kuba yatanze imihoho kugira igihugu gitekanirwa.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG