Uko wahagera

Perezida Erdogan Aragabisha Uburusiya na Amerika


Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan mu kiganiro hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Hongrie, i Budapest, Hungary, Itariki 07/11/2019
Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan mu kiganiro hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Hongrie, i Budapest, Hungary, Itariki 07/11/2019

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yagiriza Uburusiya na Reta zunze ubumwe z’Amerika kudashira mu ngiro ikurwa ry’abarwanyi b’abakurde ku rubibe na Turukiya.

Erdogan yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane i Budapest, ku murwa mukuru wa Hongrie kandi agabisha ko ashobora kwongera gutanguza ibitero vya gisirikare muri Siriya.

Erdogan yasinye amasezerano abiri mu kwezi kw’icumi na perezida Vladimir Putin hamwe n’icegera ca perezida w’Amerika Mike Pence, bumvikana ko abarwanyi b’abakurde bakurwa mu karere k’ibilometero 30 ku rubibe rwa Turukiya.

Turukiya nayo yaciye yemera guhagarika ibitero muri Siriya kuba kurde, ibitero vyatumye abantu barenga 100000 bahunga ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG