Uko wahagera

CPI Iremeza ko Izi Ahari Umuhungu wa Kadhafi


Umuhungu w'uwahoze ari perezida wa Libiya, Saif al-Islam Kadhafi.
Umuhungu w'uwahoze ari perezida wa Libiya, Saif al-Islam Kadhafi.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ivuga ko ifise amakuru y’ahari Saif al-Islam al-Kadhafi, umwe mu bahungu ba Moamar Kadhafi, hamwe n’abandi banyalibiya babiri bagirizwa ivyaha vyo mu ntambara.

Fatou Bensouda umushikirizamanza mukuru wa CPI yabishikirije akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw'isi kuri uyu wa gatatu.

Abo batatu baronderwa na CPI ku vyaha vyo mu ntambara, birimwo ubwicanyi ukuboreza igufa, hamwe n’ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, n’ibindi nkuko bishikirizwa na Bensouda.

Bamwe mu bagize akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano bavuga ko bababazwa n’uko abo bagabo batatu kugeza ubu bacidegemvya. Ububirigi busaba ko bafatirwa ibihano na ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG