Uko wahagera

Uganda: Kizza Besigye Yongeye Kuburabuzwa


Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi muri Uganda, Kizza Besigye atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Kampala, itariki 04/10/2016.
Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi muri Uganda, Kizza Besigye atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Kampala, itariki 04/10/2016.

Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Uganda, Kizza Besigye avuga ko igiporisi camuteye ku musi wa mbere aho yariko agerageza kwitabira ihimbazwa ry’umusi w’ivuka ry’umugambwe wabo, Forum for Democratic Change, FDC.

Kizza Besigye, amaze guhiganwa mu matora na Perezida Yoweri Museveni, yavuze ko ico gitero c’igiporisi cari categuwe.

Besigye hamwe n’abandi babiri bari kumwe mu modokari bagirizwa gutunganya ikoraniro ritemewe n’amategeko.

Iburabuzwa ryiwe risa n’irizotera amakenga mu baharanira uburenganzira bwa muntu, bakeka ko reta ishobora guhungabanya amakoraniro y’abatavuga rumwe na reta na nya burya Museveni agerageza gutsinda ikindi kiringo mu 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG