Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Isaba Amerika Akarusho Mbere yo Gukomeza Ibiganiro


Umuntu urimo kureba televiziyo yerekana Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru na Perezida Donald Trump w'Amerika
Umuntu urimo kureba televiziyo yerekana Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru na Perezida Donald Trump w'Amerika

Abategetsi ba Koreya ya ruguru baravuye mu biganiro na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyerekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Yamara ivyo ntivyabujije ko Prezida wa Amerika, Donald Trump, atangaza ko ingingo yiwe y’ukuvugana n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, ari ikintu gikomeye cane yashitseko ku bijanye na politike yo hanze ya Amerika. Ni mu gihe kwiyamamariza amatora yo mu mwaka uza w’i 2020 biriko bitera bigira intambwe.

Mu butumwa bwa imeyeli bw’ukwiyamamariza amatora yo mu mwaka w’i 2020 yarungitse muri iyi ndwi, burimwo Koreya ya ruguru ku rutonde rw’ibintu umunani bikomeye yaranguye mu kiringo ca mbere mu mabanga yiwe ya Prezida. Avuga ko yatanguje umugambi wo gukuraho ibirwanisho ruhonyanganda mu kigobe ca Koreya.

Yamara abahinga mu vya politike si ko babibonye. Bavuga ko Koreya ya ruguru itigeze isambura ikirwanisho na kimwe ruhonyanganda. Bamenyesha ko ahubwo ico gihugu cabandanije kurondera gukora ibindi birwanisho ruhonyanganda bigera kuri 18 kuva Prezida Trump abonanye na Kim Jong Un mu kwezi kwa gatandatu, umwaka w’i 2018.

Abo bahinga bavuga ko ibintu bishobora kumera nabi kurushiriza mu bihe biri imbere. Bamenyesha ko mu kwezi guheze, Koreya ya ruguru yagabishije ko ishobora gusubira kugerageza misile zishika kure cane canke ibirwanisho ruhonyanganda.

Abategetsi ba Koreya ya ruguru basaba Prezida Trump kugira ibindi ahebera kurushiriza ico gihugu ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda imbere y’uko uyu mwaka urangira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG