Uko wahagera

Amerika mu Nzira Kuva mu Masezerano y'i Paris ku Bidukikije


Perezida Donald Trump kuri White House.
Perezida Donald Trump kuri White House.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zatangaje kuri uyu wa mbere ko yarungikiye urwandiko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rumenyesha ko izova mu masezerano y’i Paris ku bidukikije yasinywe mu 2015.

Perezida Donald Trump yafashe iyi ngingo kuko ayo masezerano y’i Paris ari umutwaro ku mashirahamwe y’Amerika akora ubudandaji, abakozi hamwe n’abatanga amatagisi. Kandi yorohereza ibindi bihugu, ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi mu bushikiranganji bw’imigenderanire.

Mu gihe co kwiyamamaza, Perezida Trump yavuga ko arwanya ayo masezerano y’i Paris yeteweko umukono n’ibindi bihugu vyose.

Amerika iza ubugira kabiri mu bihugu birungika imyuka mu kirere, inyuma y’Ubushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG