Uko wahagera

Imyuka Yanduye Yahagaritse Ubuzima mu Buhinde


Imodoka nyinshi zabujijwe gutembera mu muji wa New Delhi
Imodoka nyinshi zabujijwe gutembera mu muji wa New Delhi

Ubuhinde bwankiye imodoka z’abantu ku giti cabo gutembera mu muji wa New Delhi. Iyo ngingo y’Ubuhinde yafashwe mu gihe ico gihugu gikomeje kurwanya ingaruka zituruka kw’ihindagurika ry’ibihe, cane cane ivyotsi biva mu modokari.

Mu myaka itatu iheze ingaruka zabaye nyinshi harimwo ingwara zo guhumeka nabi, izamaso, canke ubushe.

Imodoka nyinshi zabujijwe gutembera mu muji wa New Delhi, nyinshi ni iz’abantu ku giti cabo. Ihadabu rigera ku madolari 60 ni ryo rizocibwa abazobirengako. Hemerewe gusa imodoka za vuba zikozwe ku buhinga bwa none zitangiza ikirere. Igisagara ca new Delhi kirimwo abantu barenga imiliyoni 18, n’imodoka zirenga imiliyoni umunani.

Abategetsi ba reta ya Uttar Pradesh barungitse ikimodoka c’igikamyo coza ikirere mu bice vy’abamukera rugendo i Taj Mahal. Kubera ikirere kibi, hari n’ingenzi vyabaye ngombwa ko zihagarika canke zicereza ingendo kubera gutinya ko indege zogira isanganya.

Igisata kijejwe kugenzura ibirere cavuze ko ikirere atari ciza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG