Uko wahagera

Perezida Masisi wa Botswana Yatangiye Manda ya Kabili


Perezida Mokgweetsi Masisi, wa Botswana ubwo yari gutora

Perezida wa Botswana Mokgweetsi Masisi yarahiririye iyindi manda. Ni inyuma yo gutahukana intsinzi mu matora yo ku wa 23 ukwezi kwa cenda.

Mw’ijambo ryiwe, Perezida Masisi yiyemeje ko agiye guhagurukira ikibazo c’ibiturire no gukurikirana abo vyagira hisunzwe amategeko. Ni jambo abasesangunzi bavuze ko ryasa nk’iritunga agatoke Ian Khama yayoboye Bostwana imbere ya Masisi.

Ian Khama, uwahoze arongoye iperereza ku ntwaro yiwe n’umugwiza tunga yifise wo muri Afurika y’Epfo afise imitahe muri Botswana bagirizwa ko banyuruje ama miliyaridi icenda mu madorali ya Amerika. Khama ejo ku wa kane yabeshuje ivyo yagirizwa avuga ko ari irementanya ry’abashaka kumucafuza.

Ku rutonde rw’abari batumiwe mu birori vyo kwimika Masisi, Khama yayoboye Bostwana kuva mu 2008 kugera mu 2018 yariko ariko ntiyavyitabiriye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG