Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Mu Bihe Bidasanzwe Kubwo Imyuzure y'Imvura


Umugabo n'impene ziwe mu myuzurire y'imvura muri Sudani y'ubumanuko.
Umugabo n'impene ziwe mu myuzurire y'imvura muri Sudani y'ubumanuko.

Perezida Salva Kiir yatangaje ko igihugu ca Sudani yo mu bumanuko gishizwe mu bihe bidasanzwe mu bice imyuzure y’imvura yatumye abantu barenga umuliyoni bata ingo zabo.

Benshi mu basinzikajwe n’iyo myuzure ni abo mu ntara za Bahr el Ghazal na Upper Nile, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wo kwita ku biza, Hussein Maar Nyuot.

Imyuzurire nk’iyo yama yasinzikaje ico gihugu buri mwaka, ariko uyu mwaka vyarenze urugero, nkuko bishikirizwa n’abategetsi muri ico gihugu. Kuva mu kwezi kw’indwi, Sudani y’ubumanuko iri mu bihe vy’imvura.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG