Uko wahagera

ISIS Yagenye Indongozi Yayo Nshasha


Abu Bakr al-Baghdadi yahoze arongoye umuhari wa reta ya kiyisilamu, aheruka kwicwa n'abasirikare b'Amerika
Abu Bakr al-Baghdadi yahoze arongoye umuhari wa reta ya kiyisilamu, aheruka kwicwa n'abasirikare b'Amerika

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu watangaje ko wahisemwo Abu Ibrahim al-Hashimi al-Qurashi nk’umukuru wawo mushasha.

Vyatangajwe mu butumwa bwashikirijwe kuri uyu wa kane n’umuvugizi wawo mushasha, mu kinyamakuru Amaq c’uwo muhari.

Iri tangazo ryemeje kandi iyicwa ry’umukuru wawo, Abu Bakr al-Baghdadi, hamwe n’umuvugizi wiwe, Abu Hassan al-Muhajir.

Itangazwa ry’uwo mutegetsi mushasha ryakozwe mu kiringo kiri musi y’amasaha 24 inyuma y’aho ubushikiranganji bw’Amerika bwo kwivuna abansi busohoreye amasanamu ya mbere y’igitero cishe al-Baghdadi ku musi wa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG