Uko wahagera

USA: Bolton Yoba Azokwitaba Abatohoza Kuri Perezida Trump?


John Bolton yahoze ari umuhanuzi muvyo umutekano muri perezidansi y'Amerika

Inama nshingamateka y’Amerika yiganziwe n’abademokrate yatumyeko uwahoze ari umuhanuzi muri perezidanse mu mutekano wo mu gihugu, John Bolton.

Yasabwe kwitaba kwishura ibibazo mu ndwi iza kuri dosiye yo gutohoza ku vyaha Perezida Donald Trump yagirizwa.

Ibindi vyabona vyavuze ko Bolton yatewe impungenge n’umushingwamanza wa Trump, Rudy Giuliani, yakoreye mu mpisho mu kuremera Ukraine ngo itohoze ku mukandida w’umudemokrate Joe Biden mu matora yo mu 2020.

Trump yirukanye Bolton mu kwezi guheze inyuma yaho hari ivyo batumvikanyeko, harimwo ikibazo ca Ukraine.

Umushingwamanza wa Bolton avuga ko uwo aserukira atiteguye kwitaba abashingamateka ku bushake, bisigura ko azobanza kurungikirwa umutahe wo kwitaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG