Uko wahagera

Imyiyerekano muri Chili Yoba Yatumye Perezida Ahindura Reta?


Abanyagihugu mu myiyerekano i Santiago, muri Chili

Abari mu myiyerekano muri Chili barihereje amabarabara kandi kuri uyu wa mbere, naho Perezida Sebastian Pinera ari mu twigoro two guhindura reta kugira ahagarike urwo ruhagarara rwa poritike.

Perezida Pinera yahinduye abashikiranganji umunani kuri uyu wa mbere.
Iyo myiyerekano yatanguye itariki 18 z’ukwezi kw’icumi, inyuma y’aho reta idugirije ibiciro vyo kwiyunguruza ku murwa mukuru Santiago ku bice 4%.

Mu gihe muri rusangi abigaragamvya babikora mu mahoro, harabaye ugutana mu mitwe, abantu bashika 20 barahasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG