Uwahoze ari umukozi mukuru mu biro bya perezida w’Amerika, Charles Kupperman, yanse kurenguka uno musi ku wa mbere mu nama nshingamateka. Yagombaga kwishura ibibazo vy’umurwi ujejwe gutohoza niba Perezida Donald Trump yoba yarakoze ivyaha ku bijanye na dosiye y’igihugu ca Ukraine bishobora gutuma akurwa mu mabanga yiwe hamwe vyomwagira.
Uyu mugabo Charles Kupperman, yabaye icegera ca John Bolton, yahoze ari umuhanuzi wa Perezida Trump ku bijanye n’umutekano, yari yarengukishijwe n’abashingamateka b’abademokrate bo mu nama nshingamateka ya Amerika.
Igihe ibiro vya Perezida Trump vyategeka Kupperman kwihoza irengukishwa ry’inama nshingamateka, yashingishije urubanza ku musi wa gatanu rusaba umucamanza gufata ingingo ku ruhande yo kwumviriza. Umushingwamanza wiwe, Charles Cooper, yatangaje ko azokwumvira inama nshingamateka igihe sentare yafata ingingo y’uko abigenza gutyo.
Abashingamateka b’abademokrate mu nama nshingamateka barungikiye Cooper ikete mu mpera z’iyi ndwi turangije rivuga ko urubanza bashingishije rutagira ishingiro kandi ko bakoranye n’ibiro vya Prezida Trump. Yamara Cooper avuga ko atigeze anaganira ivyerekeye urwo rubanza n’abategetsi bo mu biro kwa perezida w'Amerika.
Facebook Forum