Uko wahagera

Abu Bakr al-Baghdadi, Yishwe mu Gikorwa c'Inteko z'Amerika


Abu Bakr al-Baghdadi

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje ko Abu Bakr al-Baghdadi, yari ayoboye umuhari w'iterabwoba wa Reta ya Kiyislamu, yishwe mu gikorwa c’inteko zidasanzwe za Amerika mu gihugu ca Siriya.

Perezida Trump mw’ijambo yashikirije uno musi ku w’Imana ari mu biro vyiwe, Maison Blanche, yavuze ko al-Baghdadi aza kw’isonga ku rutonde rw’abagira iterabwoba, yakubiswe intahe mu gahanga mw’ijoro ryashiriye uno musi ku w’Imana.

Yatangaje ko ata musirikare n'umwe w’umunyamerika batakaje mu gikorwa c’uguhiga al-Baghdadi. Yamara yamenyesheje ko abarwanyi batari bake biwe bishwe.

Perezida Trump avuga ko al-Baghdadi yari yinyegeje mu muhora uri musi y’ubutaka aho yariko agerageza guhunga.

Trump avuga ko al-Baghdadi yiturikije n’amabombe yari yambaye ku mubiri wiwe. Ayo mabombe yamuhitanye yongera ahitana abana biwe batatu.

Amakuru yatangajwe avuga ko igikorwa ca gisirikare c’uguhiga Abu Bakr al-Baghdadi, cabereye mu ntara ya Idlib muri Siriya, carimwo indege z’igisirikare za kajugujugu, indege z’ingwano n’indege zitagira abadereva zitwa, “Drones”.

Iyicwa rya al-Baghdadi ryari ryatangajwe incuro zitari nke imbere yaho mu bitari ivy’ukuri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG