Uko wahagera

Abashinwa Batebeje Kurangiza Ibarabara muri Tanzaniya Barafunzwe


Perezida wa Tanzaniya, John Pombe Magufuli

Abategetsi ba Tanzaniya bahagaritse kuri uyu wa kane Abashinwa bane bagirizwa kudindiza ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ririko ryubakwa ku mafaranga ya reta.

Abo bagabo batatu hamwe n’umugore umwe, ni abakozi b’amakompanyi abiri yahawe isoko ryo kwubaka rimwe mu mabarabara yo ku murwa mukuru Dar es Salaam.

Buramatari wa Dar es Salaam, Paul Makonda, ni we yategetse ko bafungwa, bakazoza bararara kuri komisariya y’igiporisi. Bategetswe kuza barazindukira ku bikorwa gushika bigararaye ko ibikorwa vy'iryo barabara biri ku murindi ushimishije.

Abategetsi ba Tanzaniya bavuga ko ico gihano kizobera akarorera na gasopo abandi badindiza ibikorwa vya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG