Uko wahagera

Prezida Trump na Kim Boba Bafitaniye Iyihe Migenderanire?


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika n'indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un mu mubonano muri Koreya y'Epfo.

Indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un na Perezida w’Amerika Donald Trump barabandanya kugiranira imigenderanire idasanzwe naho ibiganiro ku birwanisho vya Nikleyeli bitabandanya mu buryo bushemeye.

Ivyo vyashikirijwe n’ikinyamakuru ca reta ya Koreya ya ruguru kuri uyu wa kane. Ico kinyamakuru kiranegura abandi bategetsi ba Amerika kuba bagira imigenderanire mibi.

Koreya ya ruguru mu ntango z’uku kwezi yarivumbuye mu biganiro vyabereye muri Suwede, yagiriza intumwa zaserukiye Amerika kunanirwa gushikiriza ivyiyumviro bishasha.

Ba prezida Trump na Kim bamaze kubonana gatatu kandi bahana n’amabaruwa. Ariko abo bategetsi babiri barananiwe gushika ku masezerano agamije guhagarika ibikorwa vya Nikleyeli vya Koreya ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG