Uko wahagera

Imbohe Zirenga 100 za ISIS Zoba Zaratorotse muri Siriya


Imbohe za ISIS n'abatalibani i Kandahar

Abanyororo barenga ijana bo mu muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu baratorotse muri Siriya, bikinze agahumbezi, igihe abasirikare ba Turukiya binjira muri Siriya.

James Jeffrey, intumwa y’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu wa Amerika mu gihugu ca Siriya, yabibwiye komite y’inama nshingamateka y'Amerika ijejwe ivy’imigenderanire n’amakungu.

Turukiya yatanguye ibitero vya gisirikare muri Siriya inyuma y’aho perezida Donald Trump yemereye gukura abasirikare b’Amerika mu buraruko bwa Siriya.

Jeffrey yashikirije kandi ko Turukiya canke abarwanyi ifashe mu mugongo bakoze ivyaha vyo mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG