Uko wahagera

Jimmy Carter Wayoboye Amerika Yituye Hasi


Jimmy Carter

Jimmy Carter yahoze ari prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yajanywe mu bitaro inyuma y'uko aguye i muhira iwe mu gisagara ca Plains muri reta ya Georgia.

Ikigo ayoboye camwitiriwe catangaje ko Carter, afise imyaka 95 muri iki gihe, yakiwe mu bitaro vyitwa Phoebe Sumter Medical Center. Bubaye ubugira kabiri, Carter agwa muri uku kwezi. Ni ubugira gatatu mu bihe vya vuba.

Jimmy Carter arusha imyaka abandi bahoze ari abakuru b’ibihugu mu gihe baba bakiri bazima, yabaye perezida wa Amerika mu kiringo kimwe kuva mu mwaka w’i 1977 gushika mu mwaka w’i 1981.

Carter hamwe n’umutambukanyi wiwe Rosalynn bamaze imyaka irenga 73 bubakanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG