Uko wahagera

Zimbabwe Yatanguje Umunsi wo Kwiyamiriza Ibihano Yafatiwe


Perezida Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe
Perezida Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe

Igihugu ca Zimbabwe catangaje umusi mushasha w’akaruhuko mu ugenewe kwiyamiriza ibihano Amerika yagifatiye. Uwo musi wiswe, “Anti-Sanctions Day” uzohimbazwa kw’italiki 25 z’ukwezi kw’icumi.

Abategetsi batari bake ba Zimbabwe, harimwo Prezida Emmerson Mnangangwa, bamaze imyaka barafatiwe ibihano na Amerika kubera ivyaha bagirijwe vy’ukuba batyoje agateka ka muntu mu bihe vy’amatora yaranzwe n’ubwicanyi hamwe n’ifatwa ry’amatongo yari mu minwe y’abazungu.

Prezida Mnangagwa mu ntango yari yasavye abanyazimbabwe guhagarika kwidogera ibihano igihugu cabo cafatiwe na Amerika. Yamara mu nyuma yaho yarakoresheje ivyo bihano mu ntumbero y’ukurondera gushigikirwa n’abanyagihugu.

Yavuze ko ivyo bihano vyagize uruhara kw’isenyuka ry’ubutunzi bw’igihugu. Ivyo ni inyuma y’uko abanyazimbabwe batakaje icizere ko azoshobora kunagura ubwo butunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG