Uko wahagera

Netanyahu Asa n'Uwutazotwara Iyindi Manda


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, benjamin Netanyahu

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yashikirije kuri uyu wa mbere ko yananiwe gushinga reta nshasha, hasigaye ko Benny Gantz bahiganywe mu matora nawe agerageza, bimukundiye akazoba umutegetsi mushasha w’ico gihugu.

Ariko mu gihe nawe yonanirwa, Isirayeli izoca itunganya ayandi matora ya gatatu y’abashingamateka kuva mu kwezi kwa kane.

Netanyahu, yari amaze ibiringo bine ku butegetsi, yariko agerageza ica gatanu nk’umushikiranganji wa mbere.

Netanyahu yavuze ko azohakana reta yose izoshingwa na Gantz irimwo abashingamateka b’abarabu, abo Netanyahu avuga ko bakora iterabwoba kandi banka ukubaho kwa Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG