Uko wahagera

Imwe mu Migambwe mu Burundi Ntiyishimiye Abagize CECI


Amatora mu Burundi aregereje

Intonde z’imfatakibanza z’abagize imigwi itegura amatora mu makomine, CECI zashizwe ahabona kuri uyu wa kane. Imirwi igizwe n’abavuye mu migambwe itandukanye, mu mashirahamwe hamwe no mu madini, uretse Ekeleziya Gatolika itashimye gutanga intonde nk'uko CENI ibivuga. Ariko imigambwe imwe imwe iridoga ko ata bantu babo bahawe ikibanza.

Ku bwa Sahwanya Frodebu, abantu baharurwa ku bice birenga 50% bahawe ikibanza mu mirwi itegura amatora ari abari mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Umuvugizi w’umugambwe, Phenias Nigaba avuga ko ivyo ari kimwe mu bimenyetso vyerekana ko amatora ariko arategurwa nabi. Hagati aha, mu ma nama yakozwe mu gihugu n’abarongoye CEPI mu ntara, amashirahamwe n’abanyamigambwe bari basavye ko batosubira gukumirwa nkuko vyakozwe mu ma CEPI.

Umugwi ujejwe gutegura amatora mu gisagara ca Bujumbura, wari wijeje imigambwe yidoze ko izokwibukwa ku rwego rw’amakomine. Inkuru yateguwe n’Ijwi ry’Amerika n’abanywanyi bayo mu Burundi muyigezwaho n’umunyamakuru Desire Hatungimana uri mu Rwanda.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:57 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG