Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko igice c’abana bose muri Afrika batandikwa mu gitabo c’amavuko bakivuka. Ivyo vyaba bituma bataronswa ivya nkenerwa nko kuvuzwa no kwiga.
ONU ishikiriza ko ibihugu bitari bike vya Afrika biriko birakora mu ntumbero yo gutorera umuti ico ibazo, ariko ivyo bihugu bivuga ko uburyo bwo kubishikako bukenye.
Ku bwa ONU, kutandikisha abana bakivuka muri Afrika biba cane mu ntara za ruguru mu bihugu, aho abakenyezi bibarukira mu mihira yabo kandi bakabona ko kwandikisha abana muri reta bidakenewe.
Mu nama iriko irahuza abashikiranganji berwa no kwandikisha abana muri reta, Coumbia Mar Gadio, umukuru wa ONU muri Zambiya, avuga ko abo bana batazobasha kwiteza imbere mu buzima.
Facebook Forum