Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw'isi kuri uyu wa kabiri yafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa vyo kubungabunga amahoro ONU yari imazemwo imyaka 15 muri Haiti.
ONU ishikiriza ko ico gihugu kikiri mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi, poritike hamwe n’imibano. ONU kandi yatanguye kurungika abasirikare muri Haiti inyuma y’aho perezida w’ico gihe Jean-Bertrand Aristide akuriwe ku butegetsi n’igisirikare mu 2004.
Haiti ubu kiracari igihugu gikenye cane muri Amerika, kandi kiri mu bihe bigoye muri poritike. Mu mwaka uheze, abanyagihugu ni ho batangura kwiyamiriza kurya ibiturire bariko basaba ko Perezida Jovenel Moise ava ku butegetsi.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, ashikiriza ko ata cizere afitiye Haiti mu cegeranyo yashikirije kuri uyu wa kabiri.
Facebook Forum