Uko wahagera

Guillaume Soro Azahatanira Umwanya wa Prezida muri Cote d'ivoire


Guillaume Soro, akiri umuyobozi w'abarwanya ubutegetsi, agirana ikiganiro n'abanyamakuru mu mwaka wa 2004.
Guillaume Soro, akiri umuyobozi w'abarwanya ubutegetsi, agirana ikiganiro n'abanyamakuru mu mwaka wa 2004.

Guillaume Soro yahoze ayoboye abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Cote d’Ivoire yatangaje ko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uza. Ayo matora abonwa nk’igipimo gikomeye ku vyerekeye umutekano muri ico gihugu inyuma y’ingwano yabaye incuro zibiri muri iki kinjana.

Guillaume Soro, afise imyaka 47 muri iki gihe. Yayoboye abarwanya ubutegetsi bagerageje gukura ku butegetsi Prezida, Laurent Gbagbo mu mwaka w’i 2002. Igihugu ca Cote d’Ivoire cigabuyemwo ibice bibiri mu kiringo kigera ku myaka 10 gushika ingwano igira kabiri hagati y’umwaka w’i 2010 n’umwaka w’i 2011 ishikanye ku butegetsi Alassane Ouattara.

Yamara kuva ico gihe Soro ntiyumvikanye na Ouattara. Ukwitoza kwiwe mu mwaka uza bishobora kugira ingaruka ku mugambwe uri ku butegetsi kubera vyitezwe ko Prezida Ouattara ashigikira umushikiranganji wa mbere, Amadou Gon Coulibaly, mu matora yo mu mwaka uza w’i 2020.

Guillaume Soro avuga ko hari imigambwe imushigikiye iza yaramutoye kuba umukandida wayo. Atangaza ko kubera izo mvo azoyibera umukandida mu matora yo mu mwaka uza.

Allasane Ouattara, afise imyaka 77 muri iki gihe, yavuze ko ashaka gushikiriza ubutegetsi abakiri bato muri ayo matora. Guillaume Soro yigeze kuba umushikiranganji wa mbere n’umukuru w’inama nshingamateka muri Cote d’Ivoire.

Abitegereza ibintu bavuga ko ubuto bwiwe n’igihagararo ciwe bishobora gutuma aba umukandida akomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG