Uko wahagera

RDC: Ibiziga Bine Vyatowe mu Bisigarira vy'Indege ya Antonov


Igisata c'indege yo mu bwoko bwa Antonov yagiriye impanuka Kove mu ntara ya Sankuru muri Kongo

Ibiziga bitamenyekanye vy’abantu bane vyatowe muri Republika ya demokrasi ya Kongo. Ivyo biziga vyatowe mu bisigarira vy’indege yari itwaye abakozi bakuru mu biro vya Prezida Felix Tshisekedi. Iyo nkuru yatangajwe na Reta ya Kongo uno musi ku wa kabiri.

Iyo ndege yari itwaye abantu umunani n’abayikorako yagize isanganya ku musi wa kane w’indwi irangiye mu ntara ya Sankuru iri hagati mu gihugu. Iyo ndege itwara imizigo yo mu bwoko bwa Antonov, yari igiye ku murwa mukuru wa Kongo, Kinshasa mu buraruko bw’igihugu igihe yagira isanganya hafi y’igisagara ca Kole.

Iyo ndege yari yazimanganye ku byuma biyobora indege vya radar isaha imwe inyuma y’uko ihagurutse ivuye mu gisagara ca Goma mu buseruko bwa Kongo.

Mu bari muri iyo ndege harimwo umushoferi wa Perezida Tshisekedi, abakingira ubuzima bwiwe, abadereva babiri b’abarusiya, n’abategetsi bo muri Kongo n’Uburusiya.

Umurwi w’abagira itohoza, bafashijwe n’abahinga b’ibiro vy’ishirahamwe ONU muri Kongo barashitse ahabereye isanganya ry’iyo ndege. Kugeza ubu, icatumye iyo ndege igira isanganya ntikiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG