Uko wahagera

Mozambike mu Matora y'Umukuru w'Igihugu


Bamwe mu bakandida barwanira umwanya w'umukuru w'igihugu muri Mozambike
Bamwe mu bakandida barwanira umwanya w'umukuru w'igihugu muri Mozambike

Abanyagihugu muri Mozambike barihitiramwo umukuru w’igihugu mu matora yo kuri uyu wa kabiri, inyuma y’imyiyamamazo imaze iminsi 45 yaranzwemwo ubwicanyi.

Abatora bagiye guhitamwo nimba bogumiza icizere kuri perezida Filipe Nyusi, kandida w’umugambwe Frelimo uri ku butegetsi kuva Mozambike kironka intahe yo kwikukira mu 1975.

Umukandida Ossufo Momade arongoye umugambwe Renamo, niwe aboneka ko afise ijunja ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Mu gihe igiporisi cizeza abanyagihugu ko umutekano uzoba ucungerewe, bamwe mu banyagihugu bafise ubwoba ku gishobora kuba kuri uyu wa kabiri no mu misi ikurikira amatora.

Abantu bashika 40 baramaze kwicwa kuva imyiyamamazo itangura gushika ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG