Uko wahagera

Igiporisi ca Nijeriya Catabaye Imiyabaga Irenga 300


Abantu baboshwe n'iminyororo inyuma yo gutabarwa n'igiporisii i Daura mu karere ka reta ya Katsina, Nijeriya. Isanamu yafashwe itariki 14/10/2019.
Abantu baboshwe n'iminyororo inyuma yo gutabarwa n'igiporisii i Daura mu karere ka reta ya Katsina, Nijeriya. Isanamu yafashwe itariki 14/10/2019.

Igiporisi mu buraruko bwa Nijeriya cashikirije kuri uyu wa mbere ko catabaye imiyabaga y’urwaruka irenga 300 bari baboshwe n’iminyororo mw’ishure ry’Abayisilamu aho bakoreshwa ibikorwa vyo gusambanwa ku nguvu.

Abo banyeshure bari bafungiwe mw’ishure ry’i Daura muri reta ya Katsina, ku kirometero 70 uva ku murwa w’iyo reta, hafi y’urubibe na Nijeri.

Bugize kabiri mu kiringo c’ukwezi igikorwa nk’iki co gutabara kiba.

Mu kwezi guheze, igiporisi mu micungararo ya reta ya Kaduna, carabohoje abanyeshure b’abahungu barenga 300 bari mw’ishure nk’iryo, bari baboshwe n’iminyororo, baborezwa igufa kandi bakoreshwa ibikorwa vy’ubusambanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG