Uko wahagera

Ishirahamwe rya Bulaya Ryashigikiye Nobel Abiy Ahmed Yahawe


Federica Mogherini
Federica Mogherini

Umutegetsi ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe rya Bulaya, yamushigikiye. Yasiguye ko gashimwe gahawe umwe mu bategetsi bo muri Afrika bashasha bakora batitanga mu guhindura ibitari bike hamwe no mu gushira imbere umutima wo kurekuriranira.

Federica Mogherini yavuze ko ibihugu 28 bigize ishirahamwe rya Bulaya bishigikiye imigambi mishasha Abiy ariko ararangura mu gihugu ciwe hamwe no mw’ihembe rya Afrika. Yavuze ko ishirahamwe rya Bulaya rizobandanya gushigikira igihugu ciwe hamwe n’umugambi wo gushira hamwe ibihugu vyo muri ako karere.

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyitaho impunzi nawe, yavuze ko agashimwe umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya atsindiye kagaragaje uruhara ntangere yakoze mu kugarukana amahoro mu gihugu ciwe hamwe no mu bihugu vyo mu karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG