Uko wahagera

Equateur: Abaporisi Bafashwe Mpiri n'Abari mu Myiyerekano


Abaporisi bafashwe n'abari mu myiyerekano muri Equateurs.

Abasangwabutaka bari mu myiyerekano imaze indwi muri Equateur ejo kuwa kane barafashe abaporisi batari bake babatembereza imbere y’amasinzi y’abari muri iyo myiyerekano bashavuye bikomeye ku murwa mukuru Quito.

Ni mu gihe umwe mu ndongozi z’abo basangwabutaka hamwe n’abandi bagenzi babo bane biciwe bariko batana mu mitwe n’abajejwe umutekano.

Iyo myiyerekano yatanguye inyuma yaho perezida Lenin Moreno atangarije ingingo yo guhagarika imfashanyo reta yahora itanga mu gisata c’ibitoro, ivyatumye ibiciro vy’igitoro vyiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG