Uko wahagera

Perezida wa Equateur Yahungishije Reta


Abari mu myiyerekano muri Equateur
Abari mu myiyerekano muri Equateur

Perezida wa Equateur (muri Amerika y'Epfo) yimuriye reta mu kindi kibanza mu gutinya imyiyerekano ikomeye iriko ibera ku murwa mukuru, Quito.

Perezida Lenin Moreno yatangaje ko yayimuriye mu gisagara ca Guayaquil mu bumanuko bw’igihugu.

Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, abari mu myiyerekano barateye ingoro y’inama nshingamateka ku murwa mukuru Quito, imbere y'uko igipolisi kibirukana.

Barahungabanije amahinguriro y’ibitoro, ivyatumye ibitoro ico gihugu cimbura bigabanuka gushika ku bice 30%, nk'uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu.

Imigumuko yatanguye muri Equateur haraheze imisi itandatu inyuma y’aho perezida Moreno atangarije ingingo ruhasha zirimwo guhagarika amafaranga reta yashira mu gitoro, ivyatumye ibiciro biduga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG