Uko wahagera

USA: Bane Bishwe Barashwe mu Nzu y'Ubunywero, Kansas City


Abaporisi bari ahiciwe abantu mu gisagara ca Kansas City, Kansas.
Abaporisi bari ahiciwe abantu mu gisagara ca Kansas City, Kansas.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abantu bane bishwe abandi batanu barakomereka barashwe mu gatondo ka kare kuri uyu w’Imana mu bunywero bwo mu gisagara ca Kansas City, muri reta ya Kansas, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi hamwe n’ibinyamakuru vyo muri ico gisagara.

Umuvugizi w’igiporisi, Thomas Tomasic yabwiye itangazamakuru ko uwukekwa ico caha yafashwe, kandi ko hatamenyekanye ko hari uwundi babikoranye.

Yashikirije ko abo batanu bakomeretse batwawe mu bitaro kandi batabangamiye cane n’amagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG