Abategetsi bakomeye baserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika basavye prezida w’igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, gutanguza itohoza ryasabwe na prezida w'Amerika, Donald Trump kuri Joe Biden. Uyu ni umunyapolitike bashobora kuzohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka uza w’i 2020.
Ivyo ni kubw’ubutumwa bwagaragaye ko bwarungitswe kuri telefone bwasohowe ku musi wa kane.
Abajejwe amatohoza ku ruhande rw’abademokrate mu nama nshingamateka basohoye ubwo butumwa inyuma y'uko babajije ibibazo ku musi wa kane Kurt Volker yahoze ari intumwa idasanzwe ya Amerika muri Ukraine. Bamubajije mu kiringo kigera ku masaha 10.
Ubwo butumwa bwarungitswe kuri telephone bwerekana ibiganiro vyabaye hagati ya Volker n’abandi bategetsi babiri baserukira Amerika, ku kugene bovyifatamwo ku vyasabwe na Prezida Trump ku bijanye n’ukugira itohoza kuri Joe Biden n’umuhungu wiwe Hunter Biden.
Bumwe muri ubwo butumwa bwerekana Volker yandikira umukozi wo hafi wa wa Prezida Zelenskiy aho yamwemerera urugendo rwa Prezida Zelenskiy i Washignton mu gihe yogira itohoza kuri Joe Biden n’umuhungu wiwe, Hunter Biden.
Prezida Trump yararemeye Prezida Zelesnkiy kugira agirishe itohoza kuri Biden mu kiganiro bagiranye kuri telephone kw’itariki 25 z’ukwezi kw’indwi. Ivyo vyatumye umwe mu bakozi b’inzego z’iperereza muri Amerika abishira ahabona. Vyatumye inama nshingamateka ya Amerika itanguza itohoza ku vyaha bishobora gukura Prezida Trump mu mabanga yiwe hamwe vyomwagira.
Facebook Forum