Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yasavye ku mugaragaro amareta y’abanyamahanga gutanguza amatohoza kuwo batavuga rumwe muri poritike, mu gusuzugura amatohoza yatangujwe kuri we yotuma yagirwa agakurwa ku butegetsi.
Imbere yo gufata urugendo rw’umusi umwe muri Reta ya Florida, Trump yemeje ko umudemokrate Joe Biden bashobora kuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yakoze ubusuma muri Ukraine no mu Bushinwa. Yavuze ko Ubushinwa bukwiye gutangura gutohoza kuri Biden.
Abademokrate bavuze ejo kuwa kane ko ako ari akandi karorero k’uko ariko arakoresha ikibanza c’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite za poritike.
Facebook Forum