Uko wahagera

Kameruni: Perezida Biya Yarekuje imbohe 330 Bafatiwe mu Migumuko


Abanyagihugu bo mu ntara zivugwamwo Icongereza mu myiyerekano bahimbaza ico bise umwaka wa kabiri bikukiye, kw'itariki 1/10/2019.
Abanyagihugu bo mu ntara zivugwamwo Icongereza mu myiyerekano bahimbaza ico bise umwaka wa kabiri bikukiye, kw'itariki 1/10/2019.

Perezida Paul Biya wa Kameruni yategetse irekurwa ry’abanyororo 330 bari bapfunzwe mu migumuko y’abo mu ntara zivuga icongereza baharanira kwiyonkora ku gihugu. Vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere, Joseph Dion Ngute.

Kuri uyu wa kane kandi, intumwa ziri mu biganiro bigamije gushira hamwe abanyakameruni zaremeje integuro y’itegeko risaba kuraba uko intara zivugwamwo icongereza zofatwa mu buryo budasanzwe kugira zihabwe ubwigenge mu gutunganya ivy’intwaro.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukinga amatati kw’isi, International Crisis Group rigereranya ko abantu bashika 3,000 bishwe mur’iyo midugararo, abandi barenga gato igice c’umuliyoni barahunga ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG