Uko wahagera

OMS Iratabariza Abo muri Bahamas, Inyuma y'Igihuhusi Dorian


Abanyagihugu bakuwe mu vyabo n'igihuhusi Dorian muri Bahamasa.
Abanyagihugu bakuwe mu vyabo n'igihuhusi Dorian muri Bahamasa.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS asaba amakungu kuja hamwe mu gufasha izinga rya Bahamas, inyuma y’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Dorian, cahitanye ubuzima bw’abantu n’ibitungwa, gisambura n’amazu.

Umuyobozi wa OMS, Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus yashikirije ivyo inyuma yo kugendera Bahamas kwirabira icokorwa ku vyononywe n’ico gihuhusi mu ntango z’ukwezi kw’icenda.

OMS ishikiriza ko abantu 1,500 bakiba mu mahema, abandi bashika 600 bataramenyekana irengero ryabo, mu gihe 56 bamenyekanye ko bapfuye.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG