Uko wahagera

Mali: Baragandarira Abasirikare Bishwe n'Abakora Iterabwoba


Abasirikare baje gutabara bagenzi babo bahitanwe n'ibisasu vy'abiyahuzi mu buraruko bwa Mali, mu kwezi kwa 01/18/2017 i Gao.
Abasirikare baje gutabara bagenzi babo bahitanwe n'ibisasu vy'abiyahuzi mu buraruko bwa Mali, mu kwezi kwa 01/18/2017 i Gao.

Abasirikare ba Mali bafadikanije n’inteko mvamakungu kuri uyu wa gatatu baratanguje uruhigi rwo kurondera abasirikare babo bataramenyekana irengero, inyuma y’igitero ca mbere gikomeye bakorewe n’imihari y’iterabwoba ku musi wa mbere.

Abasirikare ba Mali bashika 25 barishwe, inyuma y’aho abarwanyi bitwaje ibirwanisho bikomeye batereye amakambi abiri ya gisirikare mu bisagara vya Boulkessy na Mondoro hafi y’urubibe na Burkina Faso, nkuko ibiharuro vya mbere vy’ibanze bibivuga.

Abajejwe umutekano bashikiriza ko abasirikare bashika kuri 78 bataramenyekana iyo bari.

Perezida Ibrahim Boubacar Keita yategetse ko kuva kuri uyu wa kane haba ikigandaro c’imisi itatu co kwibuka abapfuye, nkuko amakuru ava muri reta yabishikirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG