Uko wahagera

Indege z'Amerika Zarishe Abarwanyi 7 ba ISIS muri Libiya


igitero c'indege cagabwe ku muhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Libiya, Kw'itariki 28/09/2016
igitero c'indege cagabwe ku muhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Libiya, Kw'itariki 28/09/2016

Ibitero vy’indege za Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Libiya vyishe abarwanyi indwi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, nkuko vyashikirijwe n’inteko z’Amerika ziri ku mugabane wa Afrika (AFRICOM).

Kibaye igitero kigira kane Amerika ikoze muri uku kwezi kuri uwo muhari w’iterabwoba mu gisagara ca Murzuq, mu bumanuko bushira uburengero bwa Libiya.

Amwe mu maraporo avuga ko abarwanyi b’umuhari wa reta ya kiyisilamu bari hagati ya 500 na 750 bari muri Libiya, ariko abahinga bo bibaza ko igitigiri cabo kirenga ico, mu gihe abarwanyi b’abanyamahanga babandanya guhungirayo bavuye muri Siriya.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG