Uko wahagera

Ni Iki Catumye Abimukira Babiri Baturirwa n'Umuriro mu Bugiriki?


Greece migrants
Greece migrants

Abimukira bashika kuri babiri barapfuye ku musi w’Imana mu muriro wadutse mw’ikambi y’impunzi ibamwo abantu benshi mu Bugiriki.

Uwo muriro wazimijwe n’indege, ariko igiporisi caruhiye gukoresha ivyuka bikoroza amosozi kugira batururuze impunzi zari zatewe n’ishavu ry’ivyabaye, nk'uko vyashikirijwe n’umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Igitigiri c’abapfuye ntikizwi neza, mu gihe umwimukira yavyiboneye we yavuze ko hapfuye abantu batatu mu mahema atandatu babamwo. Iyo kambi y’ahitwa Moria ibamwo abantu 13000 mu gihe yari itegekanirijwe 3000 gusa.

Ubugiriki buhaye indaro impunzi 70000 nka zose ziva muri Siriya hamwe n’abimukira bahunze ibihugu vyabo kuva mu mwaka wa 2015, bajabutse bava muri Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG