Uko wahagera

RDC: 55 Bagirizwa Ubwicanyi muri Ituri Baciriwe Uwo Guherayo


Abakora mu gisata c'amagara y'abantu bariko barashingura uwapfuye.
Abakora mu gisata c'amagara y'abantu bariko barashingura uwapfuye.

Abantu 55 baraciriwe urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo mu mpera z’indwi irangiye, ku bwicanyi bakoreye abasivile mu buraruko bw’intara ya Ituri mu myaka ya 2017 na 2018, nkuko vyashikirijwe n’igisirikare kuri uyu w’Imana.

Umuvugizi w’igisirikare c’intara ya Ituri, Jules Ngogo, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko Sentare yo mu gisagara ca Bunia, ku murwa mukuru w’iyo ntara, yaciriye abo bantu urwo rubanza, harimwo umusirikare, umuporisi hamwe n’umukozi w’iperereza.

Abo bagirizwa ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, birimwo gufata abakenyezi ku nguvu no kwica muri teritware ya Djugu hagati y’imyaka y’2017 n’2018, nkuko yongeyeko.

Intara ya Ituri, itunze ubutare bw’inzahabu, yamyemwo ugucanamwo hagati y’amoko y’aba Hema n’aba Lendu, yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi hagati y’imyaka y’1999 na 2003.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG