Uko wahagera

PAM: Zimbabwe Irahanzwe n'Ubukene bw'Ibifungurwa


Abanyagihugu muri, Zimbabwe bavuye gupokezwa ibigori i Seke ku birometero 120 bw'umurwa mukuru Harare.
Abanyagihugu muri, Zimbabwe bavuye gupokezwa ibigori i Seke ku birometero 120 bw'umurwa mukuru Harare.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mfungurwa PAM rishikiriza ko Zimbabwe gihanzwe n’ubukene bw’ibifungurwa butari bwigere kubaho, aho abantu barenga imiliyoni zitanu bakeneye imfashanyo.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yatanze imiliyoni 42 z’amadolari yo gufasha, ariko PAM ivuga ko adakwiye.

Ico gisata ca ONU gishikiriza ko muri uyu mwaka, catanguye kare gufashisha abanyagihugu imfungurwa muri Zimbabwe kuko ubutunzi bwayangaye, uruzuba hamwe n’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Idai co mu kwezi kwa gatatu vyaje bisongera isibe.

Reta ya Zimbabwe ishikiriza ko iriko iratunganya gusha igisata c’uburimyi mu guteza imbere ubuhinga bwo kuvomera imirima bumaze imyaka irenga 20 butitabwaho, kugira irangize ubwo bukene bw’ibifungurwa.

Ariko naho ivyo vyokorwa, Zimbabwe bizoyisaba amezi atari make imbere yo gusarura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG