Uko wahagera

Leta y'Uburundi Ivuga ko Kiliziya Gatolika Yisanzuye mu Gihugu


Perezida Pierre Nkurunziza wa Repubilika w'Uburundi.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi aremeza ko hari bamwe mu barundi bagize imisi bamusaba ko yosubira kwitoza babicishije mu buryo butandukanye.

Jean Claude Karerwa yabishikirije kuri uno wa gatatu mu kiganiro c’abavugizi b’inzego cabereye ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge. Karerwa akavuga ko yanavyumvise bicishwa mu ndirimbo igihe hariko hatemberezwa urumuri rw’amahoro. Agasigurira ababisaba ko ingingo y’Umukuru w’igihugu yo kuzoshigikira umukandida mushasha ari ntabanduka.

Ku ruhande rwiwe, umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa Leta yabajijwe ingene Leta yakiriye itangazo ry’abepisikopi gatolika. Prosper Ntahorwamiye ntiyaciye kure mu kwishura ikibazo. Ashikiriza ko kubona baragize ico bashikirije ku biraba ubuzima bw’igihugu bisigura ko demokarasi yashinze imizi mu Burundi.

Abamenyeshamakuru babajije kandi aho Leta y’Uburundi ihagaze ku banyepolitike bahungiye hanze y’igihugu bipfuza gutahuka ariko babanje gukurako imitahe.

Umuvugizi wa Leta avuga ko umurundi wese yahunze igihugu yipfuza gutahuka atawobimubuza. Prosper Ntahorwamiye ariko akavuga ko abakurikiranwa n’ubutungane bobo bategerezwa kubwitaba.

Muri ico kiganiro c’abavugizi b’inzego ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu umuvugizi wa Leta yiyamirije icegeranyo c’ingene agateka ka zina muntu mu Burundi giherutse gushikirizwa i Génève mu Busuwisi. Akavuga ko ari icegeranyo kigwanya Leta y’Uburundi kandi cuzuyemwo ibinyoma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG