Uko wahagera

Sudani Baratohoza ku Bwicanyi Bwakozwe n'Abajejwe Umutekano


Abdallah Hamdok, umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdallah Hamdok

Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Sudani yaragenye umurwi wo gutohoza ku bwicanyi bwagirizwa abajejwe umutekano mu kwezi kwa gatandatu ku murwa mukuru Khartoum bwishe abashika 127 bwongera bukomeretsa abaharurwa mu majana bari mu myiyerekano, nkuko vyashikirijwe n’ibinyamakuru vya reta.

Uyo murwi utegekanya gutanga raporo mu mezi atatu, nkuko vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta, SUNA.

Amatohoza ya mbere yakozwe n’akanama ka gisirikare, yasanze ko hari abasirikare bagirizwa kwica abanyagihugu bari mu myiyerekano.

Akanama ka gisirikare kamye gashimangira ko katategetse ubwicanyi, ariko ko kategetse gukura abari bagandagaje hafi y’ibiro bikuru vya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG