Abasivile bashika 12 barishwe mu bwicanyi bwari butumbereye amakambi y’impunzi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi kuri uyu wa kane.
Abel Alingi, arongoye teritware ya Djugu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ko ibitero bitatu bitandukanye mu ntara ya Ituri mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu vyanakomerekeje abantu batatu abandi bane baraburwa irengero.
Amazu atari make yarimwo abakuwe mu ngo zabo n’intambara yaraturiwe, nkuko abandanya avuga.
Ivyo bitero vyabaye inyuma y’ibindi vyahitanye abantu 14 muri ako gace nyene mu gatondo ko kuwa gatatu.
Teritware ya Djugu, iri mu buraruko bw’igisagara ca Bunia, umurwa mukuru w’iyo ntara, mu kwezi kwa gatandatu, abantu 160 barishwe abandi 400.000 bakurwa mu ngo zabo, nkuko amakuru atangwa n’abategetsi abivuga.
Ubwo bwicanyi bukunze kwagirizwa umuhari witwaje ibirwanisho w’aba "Ngudjolo urwanira mu mashamba ya Wago muri teritware ya Djugu.
Facebook Forum