Uko wahagera

ONU Gutohoza Ibitero Vyagirizwa Irani muri Arabiya Sawudite


Ibisigarira vya Misile zatewe ku mahinguriro y'ibitoro muri Arabiya Sawudite.

Abahinga ba ONU barafashe urugendo muri Arabiya Sawudite gutohoza ku bitero vyabaye mu mpera z’indwi iheze ku mahinguriro y’ibitoro ya Arabiya Sawudite, nkuko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres kuri uyu wa gatatu, ariko aragabisha ko mu gihe hokwaduka intambara hashobora kuba ingaruka mbi cane.

Yamenyesheje ko abo bahinga barungitswe n’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bavuga ko ico gitero ku mahinguriro y’ibitoro y’ahitwa Abqaiq caje gituruka ku butaka bwa Irani, naho abarwanyi b’abahouti bari bariyemereye ko aribo babikoze, ivyo Washington gushika ubu igifitiye amakenga bivanye n’ubushobozi bw’abo barwanyi.

Arabiya Sawudite yashikirije ejo kuwa gatatu ko ata nkeka Irani ariyo yakoze ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG