Uko wahagera

Trump: Twipfuza ko Tutorwana na Irani


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ashikiriza ko igitero cose Amerika yokora kuri Irani coba ari ingaruka y’ibitero vyakozwe ku mahinguriro y’ibitoro muri Arabiya Sawudite.

Mu kiganiro n’abanyamakuru kuri uyu wa mbere, Trump yunganiye umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’amakungu, Mike Pompeo ko Irani ari yo yakoze ivyo bitero, ashikiriza ko arindiriye ijambo rya nyuma kuvyabaye, kandi ko bigiye kumenyekana mu gihe ca hafi cane.

Trump yashikirije kandi ko Amerika itipfuza kurwana na Irani, ariko ko Amerika yiteguriye intambara kuruta ikindi gihugu ico arico cose muri kahise.

Perezida yatangaje ko Pompeo hamwe n’abandi bategetsi b’Amerika bagiye kugendera Arabiya Sawudite.

Irani yarahakanye kugira uruhara muri ivyo bitero, ivuga ko ivyo vyagiriji vya Amerika ari ibinyoma bihanitse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG