Uko wahagera

Guterres Ababazwa n'Ubwicanyi mu Bibanza vyo Gusenga kw'Isi


Umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ku musi wahariwe impunzi kw'isi, ku cicaro ca ONU.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, ku musi wahariwe impunzi kw'isi, ku cicaro ca ONU.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yatanguje umugambi mushasha ugamije gukingira ibibanza vyo gusengeramwo kw’isi, mu gihe ubwicanyi muri ivyo bibanza burushiriza kwiyongera.

Uwo mugambi ugamije gufasha ibihugu kumenya neza ko umutekano muri ivyo bibanza no kubahasengera ucungerewe no kwigisha urukundo hamwe no kwihanganirana kw’isi yose.

Mu kwezi kwa gatandatu, Guterres yaratanguje utwigoro two gutorera umuti inkomoko y’amajambo y’inzankano, aho yagabishije ko ariyo atuma haba kutihanganirana kw’isi.

Yamye kandi anegura abanyeporitike bahamagarira abantu kwanka abanyamahanga, gukoresha imvugo zitera ubwoba inkehwa, impunzi hamwe n’abimukira.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, yamye anegura Guterres ko ataco akora kigaragara co kwiyamiriza n’inguvu uko guhungabanya uburenganzira bwa muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG