Uko wahagera

Abanyamerika Bibutse Imyaka 18 y'Ibitero vy'Iterabwoba


Abanyamerika bibutse uno musi ku wa gatatu imyaka 18 irangiye habaye ibiteo vy’iterabwoba vyo kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda, umwaka w’i 2001. Ivyo bitero vyahitanye abantu bagera ku 3.000 i New York, Virginia na Pennsylvania.

Prezida wa Amerika, Donald Trump n’umutambukanyi wiwe, Melania Trump bibutse uwo musi n’igihe c’agacerere isaha zibiri n’iminuta mirongo ine n’itandatu zo mu gitondo mu masaha y’i Washington. Kuri iyo saha ni ho abantu bari banyuruje indege itwara abantu baseka ubwa mbere inyubakwa zagirirwamwo imirimo y’ubudandaji mu gisagara ca New York.

Mu nyuma y'aho Prezida Trump yashikirije ijambo mu nyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi ku miryango y’abantu 184 bishwe igihe abagira iterabwoba b’umurwi al-Qaida banyuruza indege itwara abantu bagaseka iyo nyubakwa irimwo icicaro c’igisirikare ca Amerika.

Yahumurije imiryango yabuze ababo ico gihe ko biyemeje ko batazokwigera bigabira uwo musi. Yavuze ko abagize ibitero vyo mu mwaka w’i 2001 barondera guca intege abanyamerika, ko yamara imigambi bari bafise batayishitseko.

Prezida Trump avuga ko ah’ukubaca intege vyatumye biyemeza kurushiriza ku vyerekeye gukingira igihugu cabo. Prezida Trump avuga ko uwo musi wari umusi wuzuye ishavu n’umubabaro ntangere.

Abantu 19 bakorana n’umurwi w’iterabwoba, al-Qaida nibo bagize ibitero vyo kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2001.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG