Uko wahagera

Amajana Bivye Amafaranga Barafashwe muri Nijeriya n'Amerika


Ubushikiranganji bw'ubutungane i Washington DC
Ubushikiranganji bw'ubutungane i Washington DC

Abantu bashika 300 barahagaritswe muri Nijeriya no muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, mu ruhigi rw’akataraboneka rw’abiba amafaranga bakoresheje ubuhinga ngurukana bumenyi bwa internet mu butumwa bwa email, ku bagwizatunga hamwe n’abantu ku gatwe kabo. Ibi vyashikirijwe n’abategetsi kuri uyu wa kabiri.

Mu mezi ane urwo ruhigi mpuzamakungu rumaze, abantu 281 baramaze guhagarikwa, barimwo 167 muri Nijeriya na 74 muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, nk'uko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Amerika.

Ahandi bafatiwe ni mu bihugu vya Turukiya, Ghana, Ubufaransa, Ubutaliyano, Ubuyapani, Kenya, Maleziya n’Ubwongereza. Iki gikorwa catumye hafatwa imiriyoni zirenga zitatu z’amadolari yibwe muri ubwo buryo.

Ubwo bushikiranganji buvuga kandi ko igikorwa nk’iki mu mwaka uheze catumye hafatwa abantu 74, n’imiriyoni ebyeri n'igice z’amadolari y’abanyamerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG