Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yashikirije ko reta yiwe iri mu biganiro vyo kuraba ingene boha abo muri Bahamas baheruka gusinzikazwa n’ibihuhusi bivanze n’imvura kuba barabaye muri Amerika igihe gito.
Trump yabibwiye abamenyeshamakuru ari ku ngoro yiwe ya White House ejo ku musi wa mbere, ariko avuga ko babwirizwa kwemerera abatazobangamira umutekano w’igihugu.
Abasenateri batowe muri reta ya Florida nibo basavye perezida guha uburenganzira abo muri Bahamas, ivyakozwe muri kahise no kubo muri Haiti, El Salvador na Honduras, abo Trump yagerageje mu nyuma gusubiza mu bihugu vyabo.
Ni mu gihe kandi muri Bahamas, abatabara babandanya ibikorwa vyo kurondera ibiziga canke abarokotse mu vyasambuwe n’igihuhusi Dorian.
Igiporisi cashikirije kuri uyu wa mbere ko abazwi ko bapfuye ari 45 gushika ubu, ariko ko ivyo biharuro bishobora kwiyongera mu gihe ibindi biziga bitorwa.
Facebook Forum