Papa Francisiko yarangije uno musi ku wa gatanu urugendo yarimwo mu gihugu ca Mozambike. Yarurangije mu guhoza abavyeyi n’abana banduye umugera wa Sida. Yiyamirije kandi ruswa yimonogoje muri ico gihugu yatumye kiba muri bimwe mu bihugu bikenye cane kurusha ibindi kw’isi.
Papa Francisiko yakiranywe akamwemwe kenshi cane mu kibanza gishimikira ku vyerekeye kuvura abarwaye Sida hamwe no mu kibuga c’umupira w’amaguru cari cuzuye abantu bariko baririmba kandi batamba. Ivyo bikaba vyerekana ukugene akundwa cane mu gihugu ca Mozambike aho abakatolika ari ica gatatu c’abanyagihugu.
Mu misa Papa Francisiko yagirishije, yasavye abari bayitavye ibihumbi 60 kubandanya mu nzira y’ukunywana. Yamara yagabishije ku vyerekeye ruswa n’akarenganyo bituruka ku bategetsi bavuga ko bafasha abanyagihugu mu gihe baba bashira imbere inyungu zabo bwite.
Papa Francisiko avuga ko igihugu ca Mozambike ari igihugu gifise amatungo akomeye, ko yamara mu buryo butangaje igitigiri kinini c’abanyagihugu babayeho mu bukene bukomeye.
Yatangaje ko abajejwe gufasha abanyagihugu kenshi usanga bafise izindi nyungu zabo.
Ishirahamwe rijejwe kurwanya ibiturire kw’isi, “Transparancy International” rivuga ko Mozambike kiri mu bihugu vyasinzikajwe kurusha ibindi kw’isi na ruswa.
Facebook Forum